UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ngiyi hano imigambwe yiyunze mu rwego rwo kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015

UBM News ads

Imwe mu migambwe iriko iriyegeraniriza hamwe mu kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015.

Nk’uko aya makuru tuyakura muri bamwe mu barongoye imigambwe, urwo runani naho rutaratorerwa izina rwuguruwe kugira haboneke imigambwe ikomeye ishobora guhiganwa n’umugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD. Kugeza ubu bikavugwa ko imigambwe nka FRODEBU Nyakuri na FNL ishami rirongowe na Rwasa Agathon eka n’umugambwe w’Abadasigana UPRONA ishami rirongowe n’umushingamateka Karori Nditije yoba imaze gutera umukono ku masezerano yo gukorera hamwe mu matora yo mu mwaka w’2015.

karori-and-agathon

Iyo migambwe rero bikavugwa ko iriko irategura n’amategeko azoyigenga muri ico gihe nyene c’amatora,. ndetse n’iyindi migambwe ikaba iriko iraja gusaba kwinjira muri urwo runani. Mukamenya ko umugambwe wa Rwagasore urongowe na Karori Nditije wari waramaze kubishikiriza yaba mu manama n’abanywanyi biwe canke mu biganiro ku bamenyeshamakuru, ko umugambwe arongoye witeguriye kuja hamwe n’uwo wese yumva ko umugambwe uri kubutegetsi kuva mu mwaka w’2005, CNDD FDD utosubira kubatwarana

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments