Ngico igihe umurwi CENI ivuga ko vyofata mu gusubiriza abavuyemwo

0

Uwusanzwe avugira umurwi CENI yamesheje insamirizi BBC ko muruwo murwi bamwe batanu bawugize ko habuzwemwo babiri batazi irengero ryabo kuko batasezeye, NGO bamaze imisi itatu badatonda ariko akaba yabandanije amenyesha ko umwe ashobora kuba ari I Burundi uwundi nawe yaruriye indege nkuko ngo amakuru bo bafise abivuga.

nku1-4

Nayo Ku kibazo c’uko hari icokwononekara mu gihe boba batarasubirizwa, we avuga ko hamwe bigumye nkuko biri ubu ngo birashoboka guhinduka ariko araremesha abantu ko ingingo zikwiye zizofatwa, imwe muri izo ngingo ngo nukubasubiriza, ariko akamenyesha ko hari n’izindi zishobora gufatwa.

Ku kibazo c’umwanya vyofata kugira babasubirize yamenyesheje ko bizovana n’akazi gahari mu nama nshingamateka na nkenguzamateka kuko ngo zibanza kubasuzuma. Kubwiwe ngo n’umusi umwe vyoba biheze umwanya ubonetse.