Ngibi ibintu bikomeye ” Agathon Rwasa yavuze uyu musi, Abenshi bakomeje kumushigikira kuko yavuze ukuri

0

Rwasa Agathon, umwe mu banyeporitike bafise abanywanyi bapfungiwe mu mabohero atandukanye, amenyesha ko ubutungane bw’Uburundi bwari bukwiye kuza burafata ingingo butarinze kurindira ko amakungu asemerera. Kubwa Rwasa Agathon, nta butegetsi na bumwe bushimirwa ko bwapfunze abantu benshi.

Sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo kurekura vy’agateganyo Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH. Yarekuwe inyuma y’incuro zibiri zose zikurikirana sentare ifata ingingo yo kumugumiza mu munyororo, naho amashirahamwe yaba mpuzamakungu canke ayo mu Burundi yaguma asemerera ko yorekurwa vy’agateganyo. Petero Karaveri Mbonimpa arekuwe kandi inyuma y’aho inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya, hamwe na Barack Obama, umukuru wa Reta zunze ubumwe za Amerika, basabiye ko yohabwa umwidegemvyo. Rwasa Agathon avuga ko igihugu c’Uburundi kidashobora gutera imbere mu gihe ubutungane bukirindira ko amazi arenga inkombe, amakungu agasemerera kugira bufate ingingo. Kubwa Rwasa Agathon, abategetsi b’Uburundi bokwisubirako, bakarekura abantu bose bapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo, kuko ata mutegetsi n’umwe azoshimirwa, canke yari akwiye kunezerezwa n’uko yapfunze abantu benshi. Rwasa Agathon ati : ” Ubutungane ntibwari bukwiye kuba ubwo guhasha abantu bose badafise ivyiyumviro nk’ivy’umugambwe uri ku butegetsi .”


Rwasa Agathon, umwe mu banyeporitike bafise abanywanyi bapfungiwe ma mabohero atandukanye

Mu gihe kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 2014, umukuru w’igihugu yafashe ingingo yo gutezurira abapfungwa ibihumbi 3000, Rwasa Agathon asaba ko muborekurwa hoshirwamwo n’abanywanyi biwe bapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo, akibutsa abatwara ko igihugu ari ica bose, kandi ko utawuhora ku butegetsi.

Ku vyashikirijwe mw’itangazo rya Reta y’Uburundi ko ubutungane bw’Uburundi butakoreshejwe yaba inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya, canke umuntu uwariwe wese yaba uwo mu Burundi canke mu makungu, mw’irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa, Rwasa Agathon avuga ko bitagira ishingiro, kuko butari bwace na kabiri umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Firipo Nzobonariba, amenyesheje ko Petero Karaveri Mbonimpa afise amakosa menshi, kandi ko abasaba irekurwa ryiwe bafise izindi ntumbero. Kubwa Rwasa Agathon, ahubwo ubutungane bwokwirinda kuza burakoreshwa n’abatwara mu guhohotera abafise ivyiyumviro bidasa n’ivy’ubutegetsi.

Sources : Igihe Burundi