Sunday, May 28, 2023
HomeLoveNgibi hano ibintu ukwiye kubwira umukunzi wawe bigaca bituma aguma agukunda cane

Ngibi hano ibintu ukwiye kubwira umukunzi wawe bigaca bituma aguma agukunda cane

Aya niyo majambo cumi n’ atanu asanzwe ariko atoroshe wobwira umukunzi wawe akamuryohera kumbure akaguma akwiyumvira buri kanya.

Ayo majambo akaba akunda gukora cane cane ku bigeme kuko aribo bavurwa kugira imitima yoroshe hamwe n’ urukundo rwinshi kurusha abahungu.

couples lol

1. “I love you”

“Ndagukunda” iri jambo kubwawe wogira ngo riroroshe ariko naho woribwira umukobwa incuro ijana, ntiryigera rimurambira.

2. “You are beautiful”

“Uri mwiza” Ego umwigeme yoba abizi y’ uko ari mwiza, ariko bituma agira ivyishimo iyo yumvise ubimubwiye.

3. “What you doing right now ?”

“Uriko urakoriki ? ” Kubahungu batazi kuganiriza abakobwa iri jambo rikunda kubafasha iyo babuze amajambo yo kubwira umukobwa. Iyo rero umubajije uko bituma uronka n’ ibindi umubaza bivanye n’ inyishu aguhaye.

mapenzi1

4. “Mum says hi”

“Mama ngo Yambu” Buri mukobwa kw’ isi araryoherwa iyo yumvise umuvyeyi w’ umuhungu ko amwitaho kandi akamukunda. Aho rero ayo majambo wonayakoresha mu kumubesha kuko ni wewe uba uzi ukuri.

5. “Happy Anniversary”

“Isabukuru nziza” Iri jambo ugerageza kurikoresha iyo umukunzi wawe yagize isabukuru, kandi rikora neza iyo ubaye uwambere kumwipfuriza isabukuru nziza. Kuko bituma abona y’ uko umwitayeho cane.

6. “I am sorry”

“Mbabarira” iri jambo ryoryo rirasanzwe ariko rirakomeye cane kandi rikagora benshi kuvuga. Naho wokorera amakosa ijana umukunzi wawe ariko buri gihe ukamubwira, mukunzi ndazi ko nakosheje ariko mbabarira. Nta nkeka azokwama yakubabariye.

7. “You look sexy, I love how you’re dressed today”

” Uraberewe” Ukuri kwamye abakobwa bose kw’ isi bakoresha intege nyinshi kugira bagerageze gusa neza kandi baberwe. aha rero iyo umukobwa umubwiye ko aberewe bituma agira ivyishimo vyinshi kandi akabona ko yabitoye naho yoba ataberewe na gato.

8. “Thank you”

“Urakoze” kenshi iyo abakunzi bacu badukoreye ibintu vyiza turakunda kw’ ibagira gushima kubera yuko vyiza uba uvyiteze k’ umukunzi wawe. Ariko iyo ushimye bituma umukunzi wawe agira ivyishimo. Kenshi tuba dukwiye gushimira abakunzi bacu iyo duhejeje kurangura amabanga y’ abubatse.

Happy African American Man & Woman Couple

9. “I miss you”

“Ndagukumbuye” Iryo n’ ijambo rimwe gusa ariko rifise inkomezi zidasanzwe k’ umutima wiwe. Naho mwoba mutanye mu kanya gato, gerageza umwandikire ubutumwa umubwira y’ uko umukumbuye, bituma yiyumvira yuko utigera urambirwa iyo muri kumwe.

10. “I love your smile”

“Ndakunda ukuntu utwenga/umwenyura” Iyo abonye nk’ ubutumwa bwawe wamwandikiye uko, nta nkeka ategerezwa guca atwenga naho mutoba muri kumwe.

11. “I am thinking about you”

” Ndiko ndakwiyumvira” Iri jambo rituma nawe nyene atangura kukwiyumvira, naho woba uri muvyiwawe wamubeshe.

12. “Good morning”

“Mwaramutse” Nta kinyu kiryoshe nko kuvyuka ugasanga ubutumwa mw’ itelefona yawe ngendanwa umukunzi wawe yakwandikiye iryo jambo.

13. “Goodnight”

“Ijoro ryiza” Ivyo bituma umukunzi wawe aheza umusi wiwe neza mu vyishimo ntagere.

14.. “Things will be OK”

“Ibintu bizogenda neza” Kenshi biratera intege kwumva umuntu uzi yuko agukunda akubwira ayo majambo. Iyo wabwiye umukunzi wawe ayo majambo bituma atiranda kandi akabona yuko umwitayeho. Ivyo wobikoresha nkigihe umukunzi wawe yimirije ibibazo kw’ ishure, canke iyo yabuze umuntu, canke afise ingorane zitandukanye.

15. You are the only one

” Uri umwe rudende” Abahinga mu kubesha canke mu guca inyuma abakunzi babo barazi imbaraga ayo majambo afise. Iyo umukunzi wawe umubwiye ayo majambo, bituma yiyumva yuko ariwe mukobwa wenyene canke umuhungu wenyene yaremwe kur’ inosi y’ Imana.

Ariko mu gukoresha ayo majambo mw’ ibuke gukoresha utuzina turyoshe nka Cherie, chouchou, Mon ange, Bajou, wanje, sweety, dear, My love, My everything, n’ utundi twinshi.

Must Read