UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ubwicanyi hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu nivyo vyagirizwa u Burundi

UBM News ads

Inyuma y’inama y’urwego rukurikirana agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Uburundi bwahawe umwaka umwe kugira busigure ibijanye n’ubwicanyi ndengerabutungane (exécutions extrajudiciaires) n’ihohoterwa rya kiremwa muntu vyagirizwa abajejwe intwaro.

bur

Kuva kw’igenekerezo rya 8 gushika kurya 9 Gitugutu 2014, i Genève harakoraniye inama y’urwego rukurikirana agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Mu cegeranyo ca nyuma c’iyo nama, urwego rukurikirana agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rwamenyesheje ko rutewe impungenge n’ibitigiri vy’abantu babandanya kugandagurwa mu Burundi, bikagirizwa rimwe na rimwe abajejwe umutekano. Muri ico cegeranyo, Uburundi bwahawe umwaka umwe gusa, gushika ku genekerezo rya 31 Gitugutu 2015, kugira bube bwamaze gukora amatohoza, ataho yegamiye, abazokwagirwa n’ubwo bwicanyi bahanwe hisunzwe amategeko.

Ico cegeranyo kiravuga kandi n’ihohoterwa rya kiremwa muntu rikorwa n’abaporisi hamwe n’abakorera urwego rw’igendereza, abakuru b’izo nzego bakabirenzako uruho rw’amazi. Mu rwego rukurikirana agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bavuga ko muri ico kiringo c’umwaka umwe, Uburundi buzotegerezwa kuba bwahejeje amatohoza, hamwe n’ugushengeza mu butungane azokwagirwa n’ivyo vyaha.

Ico cegeranyo gisaba kandi Reta y’Uburundi ko yosubiramwo itegeko rigenga umwuga wo kumenyeshamakuru, kuko risa n’iryaka uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Sources : Igihe

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments