Sunday, May 28, 2023
HomeLoveNgibi hano Ibintu 4 vyokwereka ko umukunzi wawe agukunda vy’ukuri '' soma...

Ngibi hano Ibintu 4 vyokwereka ko umukunzi wawe agukunda vy’ukuri ” soma ngaha wumve

Abahungu bubu basigaye babesha cane ! Nkakarorero akakubwira yuko agukunda kandi atagukunda bimwe bivuye kumutima ndetse atanimigambi nimwe agufiseko ahubwo ugasanga we haribindi bintu agukeneyeko ariko atipfuza kubana nawe ngo mwubake urugo.Kimwe gusa ico nzi nuko hari igihe umuhungu akubwira ko agukunda cane kandi atagukunda bimwe vyanavyo ahubwo ashaka kugerageza kwibagira umubabaro hamwe nagahinda yatewe n’umukunzi vyigeze gukundana.

umukunzi

Uyu munsi hano kuri UBM News twashimye kubabwira bimwe mubintu 4 bishobora kukwereka ko umuhungu agukunda bimwe vyukuri.

1. Umuhungu ugukunda vy’ukuri akwamiza mumutima wiwe , ntamipango nimwe yokora yerekeye ubuzima bwiwe ngo yibagire kuyikubwira , arakubwira ivyerekeye ivyakazoza kiwe, akakubwiza ukuri atanakimwe aguhishije kandi akirinda kukubwira ikintu na kimwe co kubabaza, aho rero bitandukanye n’umuhungu atagukunda vyukuri kuko we iyumubajije ivyerekeye ubuzima bwiwe arashavura ndetse ntihagire ninyishu itomoye aguha.

2. Igihe cose aba yumva ashaka kuguma iruhande yawe , kuburyo iyo harenze igihe atakubona agerageza uko ashoboye kwose mukabonana, hamwe bishitse ntibishoboke agerageza kuguhamagara kugira ngo amenye amakuru yawe kandi yumve ijwi ryawe, ivyo vyose vyanse yirirwa atamerewe neza kubera ko aba yaramaze kukwishiramwo.

3. Arakwerekana mubagenzi biwe , mumuryango wiwe ndetse bibaye ngombwa akakwereka abavyeyi biwe, akenshi abahungu bubu ntibakunda kwerekana abakunzi babo mumuryango bavamwo, ariko iyo akwerekanye uba uri uwagaciro kuri we ndetse aba agukunda vyukuri.

4. Kukwubaha, hamwe no kugukorera ibikunezera igihe cose nivyo umuhungu agukunda vyukuri aba akeneye kugukorera buri munsi, ntiyigera yipfuza kukubona ushavuye ahubwo aba yipfuza kukubona unezerwe buri kanya.

Must Read