UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ngibi hano Ibihugu bitatu vyagaragaje neza ko bishigikiye ukwitoza ubwa gatatu kwa Petero Nkurunziza

Bamwe mu baserukira ibihugu vyabo bamenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashobora gusubira kwitoza ku ncuro ya gatatu nk’uko babibwiye ikinyamakuru The East African, kandi bizoba bikurikije amategeko.

Ken Vitisia aserukira igihugu ca Kenya mu Burundi, avuga ko hamwe Petero Nkurunziza yokwitoreza kuyobora Uburundi ku ncuro ya gatatu, atazoba arenze ibwirizwa nshingiro canke amasezerano y’i Arusha yateweko umukono mu mwaka w’2000. Ivyo bikaba bisa ndetse n’ibivugwa n’abaserukira ibihugu vy’Ubuganda na Tanzaniya mu Burundi Matayo Kyaligonza na James Nzagi, ndetse banemeza ko atangorane mu vya poritike ziri mu Burundi imbere y’amatora yo mu mwaka w’2015 nk’uko bishikirizwa na bimwe mu binyamakuru.

Ivyo rero vyashikirijwe n’abo baserukira ibihugu bisanzwe bisangiye akarere n’Uburundi, bikaba bisa n’ibitandukanye na bimwe mu vyegeranyo bitangwa n’amashirahamwe ataho yegamiye mu Burundi eka na mpuzamakungu harimwo na bamwe mu bahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ashikiriza bimwe mu bitagenda neza, yaba iburagizwa rikorerwa abatavuga rumwe na Reta, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, amaradiyo n’abandi barengutswa agasakisaki mu butungane.

Eka mbere mukamenya ko ukwitoza ku ncuro ya gatatu kwa Petero Nkurunziza kumaze n’ukwiyamirizwa n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, aho amenyesha ko ukwitoza ubwa gatatu kwiwe gushobora gukwega ingorane zikomeye mu Burundi.

SRC: Igihe

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments