UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ngibi hano ibihimba abagabo batari bake bakunda ku bagore gusumba ibindi

Akenshi abasore canke abagabo bicaye canke bariko baragenda mbere naho wosanga ari wenyene, abonye umugore canke umukobwa renganye, akenshi arahindukira inyuma kumuraba. Abenshi mu bagore baribaza nimba umugabo aba ahindukiye kuraba iki? ubona ko hari n’ababigira barikumwe n’abagore babo canke abakunzi babo.

Twifashijije Ikinyamakuru kimwe gikorera kuri internet, bo bavuga ko bagabo mbere n’abasore bemeza yuko umugore afise vyinshi ashimwako n’umugabo ariko ico kinyamakuru kikavuga ko cumi arivyo biza kw’isonga.

Igisusu ngo n’igihimba abagabo bakunda cane ku mugore mu gihe afise igiteye igomwe. Ico gihe ngo umugabo araheza akipfuza uwo mugore cane.

Amaso ngo naco n’igihimba abagabo kibakwega cane kuko uwuravye umugabo iryoroshe ngo biratuma amwipfuza cane.

Umushatsi, abakobwa ngo babaizi neza bemeza ko bose bari bakwiye kuzohora bitwararika cane umushatsi gusumba kuko nkuko ico kinyamakuru kibishikiriza ngo umuhungu canke umugabo abanza nawe kuraba mu mutwe imbere y’ukukuraba mu maso.(Umuravye iryoroshe mu mutwe hasa nabi ngo urashobora kutaronka ikibanza)

Iminwa Ico kinyamakuru kivuga ko abagabo canke abasore iyo baganira n’abakobwa ngo baheza bakaguma birabira iminwa gusa. Ico kinyamakuru kibandanya gishikiriza ko iminwa y’abagore(isa neza) ibatera umunezero.

Ugutwenga canke ukumwenyura ngo navyo ni ibikorwa bitirengagizwa na gato n’abagabo kuko bibarohera cane iyo umukunzi wabo abamwenyuriye.

Igituza Hatabayemwo ukwirarira ngo abagabo barakunda cane ibituza vy’abagore kuko babiruhukiramwo bikabatera kwibagira canke kwirengagiza ibibazo barimwo.

Igihagararo(Taille) abagabo barakunda kandi igihagararo c’abakobwa batandukanye, hari abakunda muremure, hari abakunda mugufi, abakunda abavyibushe, bagereranye eka n’abandi benshi.

Ibi ntibiba kuri bose kuko twese ntidukunda bimwe, ariko ibi ni bimwe mu bihimba abagabo bakunda. Nk’umugore warukwiye gutangura kwibaza nimba bitari bwagushikire igituma canke uko wobigenda ngo bikunde umukunzi wawe igihimba akunde agisange kimeze nkuko avyifuza kuko bimutera kubandanya akwiyumvamwo cane.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments