Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeLoveNgaya amwe mu makosa akomeye cane ukwiye kwirinda gukorera umukunzi wawe.

Ngaya amwe mu makosa akomeye cane ukwiye kwirinda gukorera umukunzi wawe.

Mu mibano y’abantu bakundanye, akenshi biba bisabwa ko bose bagerageza uko bashoboye kwose kugirango buzuzanye , nimba umwe akeneye gukora ikintu kanaka akabanza kubaza umukunzi wiwe kugirango bose bazane ivyiyunviro, harigihe rero usanga hagati yabo habonetse ukutunvikana aho umuntu umwe ashobora kuzana iciyunviro ariko uwundi akacanka, tugiye kurabira hamwe ibintu 4 umugabo canke umusore asabwa kwirinda gukorera umukunzi wiwe kuberako kenshi bihungabanya urukundo.

Black-couple

1. KUMUFATA KU NGUVU
Abantu benshi biyunvira ko gufata kunguvu bikorwa n’abantu bakuze babikorera abana ariko siko bimeze, kuko igihe cose ushatse gukoresha inguvu, nkakarorero guhata Umukunzi wawe ngo mukore imibonano mpuzabitsina atabishaka, ibi navyo vyitwa ko uba umufashe kunguvu kuko wamuhase munyuma aca aravyemera kandi atabishaka, Nivyiza rero ko mubanza kuganira kugirango mukore ibintu mwese mwiyunvamwo.

2. KUMUKUBITA
Kirazira kikaziririzwa gukubita umugore, nimba umugore agukoreye ibintu bikakubabaza, Inyishu ntabwo ari ugukubita ahubwo gerageza wegere incuti ziwe za hafi uzibwire ico kibazo kandi uzigishe inama z’ukuntu mwoheza ibibazo biba biri hagati yanyu.

Woman receiving massage on patio at spa

3. KUTAMWUBAHA
Abagore(abakobwa) benshi bakunda umuntu afata umwanya wo kubunviriza akumva ivyo bamubwira, naho umugore yoba ariko arakubwira ibintu wewe udakunda ariko biba bisabwa ko ufata umwanya ukamwunviriza , hari abagabo baba bashaka ko aribo bagira ijambo murugo bonyene kuburyo abagore baba bababona ko atajambo bafise ariko nanka kukubesha ibi sibintu vyiza kuko abagore nabo bafise ivyiyunviro vyiza ndetse bifise akamaro ubwo nabo biba bisabwa ko ubaha umwanya wo kunviriza ivyo bavuga.

4. KUMUBESHA
Muri kino gihe hadutse ingeso yo kubeshanya , iyo ho bigeze mu bakundana akenshi bikunze gutuma n’abantu batandukana , nimba ufise Umukunzi ntabwo ari vyiza kumubesha na gato ahubwo biba bisabwa ko mubwizanya ukuri igihe cose.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments