Monday, September 26, 2022
HomeNewsNgagara : Ikiziga catowe hafi y'ikambi y'igisirikare

Ngagara : Ikiziga catowe hafi y’ikambi y’igisirikare

Iruhande y’ikambi y’igisirikare yo mu Ngagara muri karitiye y’icenda mu gisagara ca Bujumbura, hatowe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere ikiziga c’umugabo. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesheje ko uwo yishwe azwi kw’izina rya Dieudonné Nsengiyumva, w’imyaka 25, avuka mu ntara ya Gitega muri komine Gishubi.

OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje kandi ko uwo yishwe yahora ari umukuru w’abikorera imizigo kw’isoko yo mu Kinama mu gisagara ca Bujumbura, akaba yishwe anizwe n’abantu bataramenyekana.

Dieudonné Nsengiyumva yahora aba muri zone ya Kamenge.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...