Ngaba hano abategetsi bane b’abarundi bafatiwe ibihano bikomeye n’Uburaya ” soma hano urabe

0

Ishirahamwe ry’ ibihugu vya Bulaya yemeje ingingo yo gufatira ibihano vyo kutaronswa inkaratasi zo gufata ingendo no gufata amatungo yabo abategetsi bane bo muri leta y’Uburundi.

gdefroi
Godefroid BIZIMANA ( icegera c’uwurongonye ibiro bikuru vy’i gipolisi )

Abo bafatiwe ivyo bihano ni abagirizwa mu bariko baraburagiza ingendo ya demokarasi no kudindiza utwigoro two gutora inyishu z’ibibazo vya politike ziri mu gihugu canecane ubwicanyi, gukokeza ubwicanyinibindi bikorwa vyose bitoteza agateka ka zina muntu.

Inama y’Ibihugu vya Bulaya ibandanya itera akamo impande zose kwirinda ubwicanyi no kwiyamiriza ibikorwa vyose vy’ubwicanyi.

Nta kintu na kimwe kiboneka kiriko kirakorwa mu nzira yo kurondera inyishu za politike kuri ico kibazo c’Uburundi kandi, kandi hariho ubwoba ko ubwicanyi bushobora gusubira kwaduka.

Amazina y’abo bantu bafatiwe ibihano ni Godefroid BIZIMANA ,asanzwe ari icegera c’uwurongonye ibiro bikuru vy’i gipolisi mukuba ngo yarafashe ingingo z’ugukoresha uburyo burengeye mukubuza abariko barakora imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’Igihugu kandi vyariko biraba mu mutekano.

NDIRAKOBUCA Gervais alias NDAKUGARIKA, asanzwe akora mu biro vy’umukuru w’Igihugu mu gisata kijejwe igipolisi, nawe nyene akaba ahanwe kubera amategeko yatanze y’ugukoresha uburyo burengeye mukubuza abariko barakora imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’Igihugu kandi vyariko biraba mu mutekano; ivyo navyo ngo akaba yabikoze muguhonyanga amategeko mpuzamakungu y’ugukingira agateka ka zina muntu, hakaba na canecane ngo hari ku magenekerezo ya 26;27 na 28 Ndamukiza 2015, mu ma karatiye ya NYAKABIGA na MUSAGA.

burundi-protest

Mathias/Joseph NIYONZIMA batazira KAZUNGU asanzwe akora mu bureau vy’iperereza nawe akaba ngo yarabaye intambamyi mukurondera amahoro mu Burundi mu nyifato y’iwe y’uguhasha akoresheje inguvu zirenze kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015. Eka ùmbere ngo yoba yaragize n’uruhara mw’ishirwaho n’iyigishwa ivya gisirikare ry’umurwi w’urwaruka wafashanyije n’Imbonerakure, akaba ngo ariwe yabakoresha akabaha n’ibirwanisho haba imbere canke hanze y’Igihugu.

Generali NGENDAKUMANA Léonard, uwo nawe akaba yahoze ariwe ajejwe ingendo z’abakora mu bureau w’Igihugu,ariko ubu ari mubiyonkoye ku mukuru w’igihugu; akaba yagirizwa kuba yarabaye inzitizi kw’izanwa ry’amahoro, mu kuba ngo yari mubagonvye gutembaga Leta y’Uburundi italiki 13 Rusama 2015, na canecane ngo kuba yaravugiye ku mugaragaro ko ashigikiye ugukoresha inguvu nk’uburyo bw’ugushika kuvyo umuntu yifuza muri politike. Ibihano rero bahawe bikaba ari ivy’ubwoko bubiri, ukudasubira guhonyoza ikirenge mu bihugu vya Bulaya hamwe n’ukutaba bagifise uburenganzira ku butunzi bwabo bwoba buri muri ivyo bihugu.