UBM News ads
Sunday, December 10, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ngaba hano abaririmvyi b’abarundi bavuzwe cane kuri Internet muruno mwaka turangije 2014

Mu gihe umwaka wi 2014 urangiye ndetse tukaba twinjiye m’uwundi mwaka 2015, UBM News dushimye kugaruka kubaririmvyi hamwe n’abaririmvyikazi bavuzwe cane muruno mwaka turangije wi 2014, hano turababwira ibikorwa bakoze hamwe nicatumye bavugwa cane kuri Internet.

2014-stars

Umuririmvyi tutavuga muri runo rutonde, ntibiza kuvuga ko atakoze neza ariko iyo tugeze kuvyerekeye ubuhinga ngurukanabumenyi bwa Internet, bitandukanye nibindi bintu kuko umuririmvyi ashobora kuba azwi cane mu gihugu cose bishatse kuvuga ko aba ari umwe yitwa umu ( SuperStar ) ariko kuri Internet ugasanga abantu batamuzi canke ugasanga atanuko yanditswe cane kuri Internet, aha rero ntibivuga ko umuririmvyi aba adakunzwe ahubwo nuko atabinyamakuru vyinshi vy’abarundi bikorera kuri Internet bihari.

Nguru hano urutonde twabakoreye rw’abariririmvyi bavuzwe cane kuri Internet , aho usanga ibinyamakuru vyose vy’abarundi vyagiye bibavugako munkuru zavyo.

fariouz

1. Big Fariouz : umuririmvyi Big Fariouz niwe aza mu mwanya wa mbere, niwe yanditswe cane kuri Internet ndetse anavugwako vyinshi mubinyamakuru vyose vy’abarundi vyandikira kuri Internet, uno muririmvyi yabaye uwambere murutonde rw’abariririmvyi bakunzwe cane kuri Facebook aho afise abantu barenga ( 6300) bamukurikira, muruno mwaka turangije wi 2014, Big Fizzo yaravuzweko kutitabira ibiteramo yari yateguriwe muri Africa yepfo ivyo navyo bikaba vyaratumye ubucuti bwiwe hamwe nuwahora amutegurira ivyo biteramo bwononekara, uyu mwaka kandi turangije Fizzo yasohoye Video ikozwe mu buryo budasanzwe ya ( What’s My name ) iyo ikaba itavuzweho rumwe aho hari nama Radio yahagaritse kuvuza indirimbo ziwe zose

sat b

2. Sat-B : Umuririmvyi Sat-B izina ryiwe rimaze kumenyana mu gihugu cose cu Burundi hamwe no mu makungu, niwe muririmvyi wenyene w’umurundi kugeza ubu amaze kwandikwa kuri Wikipedia, Sat-B muruno mwaka turangije yasohoye ama video menshi kandi meza yagiye akundwa na benshi harimwo nka ( Nyandika, Satura Amabafle ) , kugeza ubu uno muririmvyi Sat B nawe yinjiye murutonde rwabaririmvyi banditswe cane kuri Internet ndetse aho nawe afise abantu batari bake ( 1900 Likes ) bamukurikiranira kuri Facebook.

chany

3. Chany Queen : Umuririmvyikazi Chany Queen ntabwo yanditswe cane kuri Internet ariko ukumenyakana kwiwe hamwe n’ukuntu afise abakunzi benshi, vyatumye abenshi baguma bipfuza kumenya ibikorwa akora, uno muririmvyi yabonetse muma Video atandukanye harimwo niyi ya Whats my Name yakoranye na Big Fizzo, Hasigaye igihe gito umwaka wi 2014 ugomba uhere, uyu muririmvyi yashize amafoto kubuhinga ngurukanabumenyi atavuzweko rumwe aho hamwe bavuga ko abereye abandi nabo bakavuga ko atikwije.

Uyu muririmvyikazi we mukubishura abavuze ko atikwije yagize ati : Nambara uko nshaka uko ndavyiyumvamwo kuko ntawundisha so nobody can judge me only god!!!!! ntamwana wumuntu azontera ubwoba amajambo yanyu mabi aranryohera cane niyatuma ndonka inguvu zogukora vyinshi so ndakunda aba fans banje trop mwe munshigikiye mwe mwamfashe mu mugongo kuva nkitangura kuririmba mvuze nti thanks cane nanje nzogerageza kubaha ibintu vyiza vyiza mrc bcp bcp

Mkombozi

4. Nzeyimana Mkombozi : Indirimbo uno muririmvyi aririmba ziri mubituma aguma aronka abashabiki bakunda umuziki akora, ubutumwa hamwe namajambo yinkoramutima aririmba biri mubituma akundwa cane, hano muri America uyu muririmvyi abarundi baba hano baramuzi kandi arakunzwe cane, uyu mwaka ugomba uhere, we yasohoye indirimbo idasanzwe yise ” Nzeyimana ” aho mbere yamwongerereke gukundwa kurusha.

ashley

5. Ashey Diva : Ukuntu yambara, indirimbo aririmba hamwe n’ukuntu yitaho ibikorwa vy’ukuririmba nivyo vyatumye izina ryiwe rimenyekana kuri Internet, uno muririmvyikazi arazwi mu Burundi ndetse mubinyamakuru vyose vyabarundi nawe yaravyanditswemo , muruno mwaka wi 2014 yasohoye video idasanzwe yakunzwe n’abenshi ( Nkorako )

UBM News dushimiye bano baririmvyi/baririmvyikazi ukuntu bitayeho ibikorwa ndetse tukaba tubasaba ko borushirizaho ” Tubipfurije mwese umwaka mushasha wi 2015.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments