UBM News ads

Neva nawe araja mu bapfumu?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Ndayishimiye yemeza ko yagiye kumupfumu ariko atagiye gupfumura,ariko yari agiye kumwaka ivyo uwo mupfumu yamwivye kandi yaruhutse abimuhaye!

Aha rero yagomvye kubihakana asanga ryamucorotse,none kuja ku mupfumu no gupfumura bitandukaniye he?none ntimwumva ko harivyo umupfumu atashikije bigatuma Neva amwaka amahera yiwe?Prezida ntabereye kuvuga amajambo menshi kuko asanga yamenye amabanga.

Prezida Ndayishimiye arakebura indongozi zija mu bapfumu kubireka kuko bikwegera abarundi Bose aho usanga bituma n’imvura itarwa kare.

Mu gihe yariko arigisha ijambo ry’Imana mw’ishengero rya methodiste uni mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 19 gitugutu 2025,Prezida Ndayishimiye yashinze intahe uko yagiye ku mupfumu maze asanga bahamagara ico bita abavyeyi.

Kubwa prezida Ndayishimiye,abarundibakwiye kuguma ku Mana gusa ntibahindukirire izindi mana kuko mu ndongozi nyishi zija mu bapfumu ibiheza bigakwegera abarundi Bose.

Yagize ati:”umu cadre aja mu bapfumu,imvura yorwa kare gute?none ntitwababonye?”

Prezida Ndayishimiye avuga ariko ko naho yagiye ku mupfumu atari agiye gupfumura ariko yari agiye kumwaka ivyo bamwivye.

Naho avuga ko atari agiye gupfumura,mbega uwugiye ku mupfumu no gupfumura bitandukanye gute?none uwo mupfumu yamugiyeko ataco vyavuganye?

Umaze kubona prezida avuga amajambo menshi,kenshi akunda kumena amabanga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments