Nditije ngo uwuzokurikira Rwasa azofatirwa Ibihano bikomeye

0

Kubwa Nditije ngo uwuzohirahira akinjira muri leta ya Pr.Petero Nkurunziza ngo azofatirwa ibihaniro bitomoye, ivyo yabishikirije mu gihe hari amakuru avuga ko hari bamwe mu bayoboke biwe bamaze kwitaba ibikorwa vy’iyo Leta.

Rwasa-et-Nditije

Nditije we kubwiwe ico acamirira kure akamenyesha ko ata munywanyi w’umugambwe Uprona utemewe na Leta ya pr. Nkurunziza aritaba ibikorwa vy’iyo leta.

Mwokwibuka ko uwo bari basangiye gutwara Urunani amizero y’abarundi Agathon Rwasa n’Abamuyoboka bamaze kwitaba akatari gake ibikorwa vy’Inama nshingamateka, Agathon Rwasa we akaba yaciye aba icegera ca mbere c’umukuru w’iyo nama nshingamateka.