Monday, September 26, 2022
HomeNewsNDAYIZEYE: UA yari ikwiye gufasha kugira haboneke umuhuza yizewe na bose

NDAYIZEYE: UA yari ikwiye gufasha kugira haboneke umuhuza yizewe na bose

Domitien NDAYIZEYE yahoze arongoye Uburundi amenyesha ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryari rikwiye gufasha kugira haboneke umufasha w’umuhuza yizewe n’impande zose mu Burundi,kuko Benjamin Mkapa atacizewe na bose.

Domotien NDAYIZEYE avuga ko bitoroshe ko ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko vyumva neza ikibazo c’Uburundi,kuko ari mu Rwanda canke mu gihugu c’Ubuganda nabo bibagora gutahura ico arico intwaro rusangi.

Uwo yahoze arongoye Uburundi amenyesha ko intwaro mu Burundi itegerezwa kwisunga amasezerano ya Arusha kuko ariyo ahumuriza abarundi bose,kandi ariyo adufasha gufata intumbero yo kubungabunga ubutunzi bw’igihugu.

Domitien NDAYIZEYE avuga ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rishobora gusaba ishirahamwe ry’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko gushiraho umuhuza mushasha, canke naho batamukuye bakamuha abamufasha babifisemwo uburambe.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...