Natacha Ngendabanka yatowe nk’umuririmvyi w’ukwezi kuri Ubmnews

0

Umuririmvyi w’umurundikazi Natacha Ngendabanka niwe yatowe n’abakunzi b’umuziki wo mu Burundi nk’umuririmvyi w’ukwezi hano ku kinyamakuru cacu ubmnews,akaba aje gusubirira umuriririmvyi Niyonzima Nassor Saloum azwi nka Lolilo kuko niwe yari yahariwe ukwezi twaraye turangije.
Natacha
Natacha rero akaba yarashoboye kugaragaza umunezero wiwe mu gushimira abamutoye bose kugira abe umuririmvyi yahariwe uku kwezi kwa Munyonyo ku kinyamakuru ubmnews,Natacha akavuga ati:N’umumnezero kubona abakunzi b’umuziki babona akazi ndiko ndakora,ndabashimiye cane kubona barantoye,ndashimira n’ikinyamakuru ubmnews kubona kibandanya guteza imbere umuziki wo mu Burundi.
Tworangiza tubamenyeshako Natacha uku kwezi guheze ariho yashira ku mugaragaro indirimbo Unaniongopea,indirimbo yakoranye n’umugwi Yamoto Band.