NATACHA NGENDABANKA yaraye anazereje abantu mu giteramo cari categuwe na FNUAP kuri JARDIN PUBLIQUE.

0

Umuririmvyikazi w’umurundi Natacha NGENDABANKA yaraye anezereje isinzi ry’abantu ryari ngaho kuri Jardin Publique ku munsi w’ejo igenekerezo rya 18/9/2015 mu giteramo cari categuwe na FNUAP mu ntumbero yo kwigisha abantu ingene bokoresha agakingirizo mu civugo bise CONDOMIZE.
natacha kuri scene
Muri ico giteramo Natacha yaririmvye indirimbo ziwe zikundwa cane nka ISUZUME,TUUNGANE n’izindi.
natacha2
Nyuma yico giteramo,Natacha yaratanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru aho yagaragaje umunezero aravye ukungene abakunzi b’umuziki bamwakiriye muri ico giteramo,yongera anabatumirira ku munsi wa mbere igenekerezo rya 21/9/2015 aho afise igiteramo c’amahoro.
Natacha interview
Twobamenyesha ko muri ico giteramo harimwo n’abandi baririmvyi nka BOBONA,LOLILO nawe nyene yashoboye kunezereza abantu bari ngaho hamwe n’umugwi Peace and Love,umugwi washoboye kunezereza cane abantu bari ngaho gushika aho Umushikiranganji w’inkino n’imicokama yahagurutse aratamba.