NATACHA NGENDABANKA YARAYE AKOREYE URUBANZA RW’AGAKURA UMWANA WIWE NZIZA LEILLA.

0

Umwana w’umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka ariwe NZIZA Leila,yaraye akwije imyaka cumi y’amavuko kw’igenekerezo rya 04/10/2015.
Urubanza rwo kw’igina iryo sabakuru rukaba rwabereye mw’ihoteri Club du Lac Tanganyika aho abanyeshure bo kuri Bujumbura International Montesory school bari barwitabiriye ari benshi kugira bifatanye na mugenzi wabo.

LEILLA NZ

Nkuko Natacha yabitumenyesha,Urwo Rubanza rwara mutwaye uburyo butari buke mw’itunganywa,akavuga ko uburyo bw’ababa imiriyoni cumi nitatu y’amarundi ariyo yakoreshejwe kubw’urwo Rubanza. Akamenyesha kandi ko ari iteka ridasanzwe kubona umukobwa wiwe akwiza iyo myaka yamavuko mugihe hari abandi abana benshi bataronka iryo bakwe ryo kuyikwiza. Natacha aka yarafashe akanya ko gushimira Imana yo rugira vyose yamurindiye ikibondo,Aka na keza ico kibondo ciwe Leila Nziza kubw’ubutore n’ubwitonzi akomeza gukurana.

Urubanza rwarangiye m’umunezero ntangere aho Leila NZIZA yabanje gushimira abavyeyi biwe n’incuti hamwe n’abangenzi bari aho,maze baratamba baratarika