Natacha Ngendabanka yarafashe indege yerekeza muri Tanzania ku munsi wa Gatanu.

0

Umuririmvyikazi w’umurundi Natacha Ngendabanka abandanya kwagura umuziki wiwe mu kuwumenyekanisha mu bindi bihugu mu gukorana indirimbo na bamwe mu baririmvyi bakomeye cane muri kano karere ka Africa y’ubuseruko.
natacha
Nkuko uwusanzwe amenyekanisha ibikorwa vyuyo muririmvyikazi Natacha Ngendabanka yashoboye kubimenyesha ikinyamakuru canyu ubmnews.com,akaba yamenyesheje ko uyo muririmvyikazi yafashe indege ku munsi wa gatanu agana igihugu ca Tanzania aho agiye gukorana indirimbo n’umwe mu baririmvyi bakomeye cane muri ico gihugu naho atashimye kumuvuga izina,ariko akavuga ko aba fans biwe bonyene botora izina ryuyo muntu bagiye gukorana kuko uwuzomutora agashimwe gategekanije.
natacha avec ses enfants
Natacha Ngendabanka ntirizoba ribaye irya mbere akoze indirimbo n’umuririmvyi wo muri Tanzania kuko yigeze gukora indirimbo yakunzwe cane,indirimbo yakoranye na Banana Zorro,indirimbo yitwa TUUNGANE.