Natacha Ngendabanka agiye gukora ibiteramo mu ntara zose z’uburundi

0

Natacha Ngendabanka n’umwe mu baririmvyikazi b’abarundi babandanya bakora bigashimwa hano mu burundi eka ndetse no mu makangu,ahari mu gihugu c’ubutariyano n’umugabo wiwe Alfredo Froyo n’abana biwe 2 (Nziza Leilla,Julio) muri kino gihe akaba yamenyesheje ikinyamakuru canyu Ubmnews.com ko agiye gukora ibiteramo mu ntara zose z’uburundi,ibiteramo azokora mu ntumbero yo kubandanya yimenyekanisha mu ntara hagati kuko ngo yasanze hariho abantu benshi mu ntara hagati bakunda cane indirimbo ziwe ariko bataramubona,kakazoba ari akaryo keza ko kumubona amaso muyandi ariko arabateramisha muri ivyo biteramo

natacha

Natacha Ngendabanka akaba yaranatumenyesheje kandi ko nyuma ya Tuungane yakoranye na Banana Zorro wo muri Tanzania ko vuba agiye gukorana indirimbo n’ibindi bihangange vyo muri Africa

ngendabanka

Natacha Ngendabanka akazotahuka mu Burundi kw’igenekerezo rya 14/8/2015 avamu gihugu c’ubutariyano.

[youtube id=”1nhkLRH8nKo” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]