NASA: Hatowe Iyindi Mibumbe 7 Ishobora Kuba Yoshobora Kubungabunga Ibiremwa.

0

Abashakashatsi batangaje ejo ku musi wa Gatatu iryo yuburwa ridasanzwe ry’imibumbe(Planѐtes) indwi imeze nk’umubube wacu ari wo Si(Terre) izunguruka Ikinyenyeri gito mu kigwi c’inyenyeri cacu( Galaxie), bica bituma haboneka umushinge wo kurondera ahandi hoshoboka ubuzima inyuma y’umuzunguruko wacu w’Izuba(Systѐme solaire) uretse hano kw’isi .

Iyo mibumbe yose uko ari 7 isa niyingana mu bunini no mu buremere n’iyi Si yacu turiko, kandi iyo mibumbe ikaba igizwe nka hose n’ibitare vy’amabuye, kandi itatu muri yo bikaba bishoboka ko hobako n’amabahari y’amazi( Océans), nkuko vyatangajwe mu kinyamakuru NATURE.

Iyo mibumbe uko ari indwi izunguruka ico Kinyeneyeri gitukura Trappist-1

Iyo mibumbe uko ari ndwi ikaba izunguruka Ikinyenyeri bise Trappist-1. Umunyasiyansi wo kuri kaminuza y’i Cambridge yaganiriye n’abanyamakuru avuga ko’ bakoze intambwe ihambaye mu bijanye no kurondera ubuzima kuri iyo mibumbe’.

“ Gushika ubu, sinibaza ko twari bwaronke imibumbe myiza yo kugirako ubushakashatsi,…ariko ko ubu hoho twaronse imibumbe nyayo” ,niko Uyo munyasiyansi abandanya avuga.

Iyo mibumbe kandi irafise “uturere dufise ubushuhe bubayabaye”( zones temperées) dutuma hadashuha cane ku buryo amazi yocika umwuka yose( Evaporation), kandi hadakanye cane ku buryo vyotuma amazi yose acika ibibarafu.

Ni ubushakashatsi buriko bubandanya bukorwa na NASA( Ikigo co muri Amerika kigenzura Ikirere). Ivyuko bazotora ko ubuzima bushobokayo tuzobimenya mu bushakashatsi bazobandanya bakora.