Malaysia Airlines ivuga Ko Itarota ihagarika kurondera ibisigarira vy’indege yayo !

0

Igihugu ca Malaysia kivuga ko kizotanga agashimwe kw’ishirahamwe iryariryo ryose ryigenga rizororanirwa rigatora igice cindani mundege kibika ibiba vyatumye haba isanganya y’indege.Ako gahimba kitwa Boîte Noire.

Iyo ndege MH370 ya Malaysia yazimiye igihe yari kurugendo,hakaba hari haheze imyaka itatu hariko haronderwa ibisigarira vyiyo ndege.Iyo ndege yo mu bwoko ba Boeing 777 yazimiye mukwezi kwa Ntwarante 2014 itwaye abantu 239.

Iyo Ndege MH370 yariko iraja ku murwa mukuru w’Ubushinwa Beijing,ikaba yariko iva ku murwa mukuru wa Malaysia Kuala Lumpur.Bivugwa ko ari igitangaza gisiga ubwenge kubona indege yazimiye murubwo buryo butangaje.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here