N’abapolise babiri bishwe barashwe mu Kamenge

0

Isaha imwe y’ijoro ku musi w’ejo igenekerezo rya 1 rusama mu kamenge hafi  yaho bakunze kwita kwa Mufuzi harumvikanye amasasu hamwe na Grenade.  Ayo masasu akaba yararashwe n’abantu bataramenyekana,nayo abari bayarahswe akaba ari aba Police bariko barakizura.

lksa

 

Nkuko vyashikirijwe ngo abantu bashika kuri 8 barakomeretse mu gihe abashika kuri 2 mu bapolisi bari muri  iyo modoka bahasize ubuzima. Muri abo babiri bapfuye hakaba harimwo Commanda hamwe nawararongoye abo bariko barakizura.

Abanyakamenge bagasaba ko abajejwe umutekano bobakingira umutekano  cane cane muri bino bihe. Nayo abandi bo bakabona ko ari intango y’imyiyerekano ishobora gutangura mu Kamenge mu gihe yarisanzwe iri mu ma komune atari bwatangure kwiyerekana yanka ikiringo ca gatatu ca nkurunziza.