Mwaro: Abajejwe intwaro baremeza ko hari inzara mu banyagihugu

0

Abajejwe intwaro mu ntara ya Mwaro baremeza ko hari inzara mu makomine barongoye,bigatuma ibiciro vy’ibifungurwa kw’isoko biduga uko bukeye uko bwije.

Nkuko bishikirizwa n’abamusitanteri b’amakomine agize intara ya Mwaro,iduga ry’ibiciro ry’ibidandazwa kw’isoko rituma ubusuma burwira mu mazu no mu mirima,hakaba n’abahunga baja mu bindi bihugu.

Abajejwe intwaro muri Komine ya Ndava na Nyabihanga,bavuga ko hari imiryango y’abatwa yabamenyesheje ko ihungiye mu gihugu ca Tanzaniya aho ubuzima bukigendeka.

Mu makomine amwe amwe yo muri iyo ntara igiciro c’ifu y’ibigori hamwe n’ibiharage arivyo vyahora bitunze abanyagihugu batari bake yaraduze,ikiro c’ifu y’ibigori kigeze ku mafaranga 2000 vy’amarundi mu gihe ic’ibiharage kigeze ku mafaranga 1700 y’amarundi.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Mwaro bakamenyesha ko inzara n’iduga ry’ibiciro kw’isoko ryavuye kw’ihindagurika ry’ikirere ryibonekeza mu gihugu.