Muyinga:Ibisigarira vy’abantu vyatowe ahagomba kwubakwa ishure

0

Ibisigarira vy’abantu bataramenyekana vyatowe ku mutumba wa Kinyoya ,muri Komine ya Muyinga ,mu kibanza bagomba kwubakamwo ishuri ry’intango.

Ivyo bisigarira vyazuwe n’abubatsi mu gihe bariko barategura ikibanza co kwubakamwo ishuri. Bavuga ko bobo bakoze akazi kabo,ariko ko babibonye baciye babimenyesha abajejwe intwaro,baca babasaba kubishira mu kibanza kimwe.

Abanyagihugu baba hafi y’ico kibanza, bamenyesha ko ico kibanza cigeze kubamwo itongo ry’abapfuye, kandi ko impuzu zatowe zerekana ko abo bantu hadaheze igihe kirekire bashinguwe muri ico kibanza, kandi ko bikwiye ko ibisigarira vyimurirwa mu kindi kibanza.

Mu bajejwe intwaro muri Komine ya Muyinga,bamenyesha ko bariko baratunganya ibikorwa vyo gushingurana iteka ivyo bisigarira.