Muyinga: Sentare Nkuru yaciriye urubanza abafashwe bagirizwa igitero kw’ikambi ya Mukoni

0

Sentare Nkuru y’intara ya Muyinga yaciriye gupfungwa imyaka 30 no gutanga ihadabu ry’amafaranga imiriyoni zitanu,abasoda n’abapolisi 18 bagirizwa kwiyunga bakagira umurwi w’abasuma,ku Mukoni mu ntara ya Muyinga.

Mu rubanza rw’ikibiriraho rwabaye kuri uno wa kane igenekerezo rya 26 Nzero umwaka wa 2017,umushikirizamanza mu ntara ya Muyinga yamenyeshaje ko abo baciriwe urubanza bagiriwa ivyaha bibiri,kugira umurwi w’abasuma no gutunga ibirwanisho batabifitiye uburenganzira.

Bose hamwe abitavye urubanza bari 20,bagizwe n’abasoda indwi,umupolisi umwe n’abanyagihugu 12 ,barimwo babibi bakora mu bunwero bw’ishirahamwe Croix Rouge mu ntara ya Muyinga,aho abagirizwa kugira umurwi w’abasuma bateramiye imbere y’uko humvikana masase menshi impande y’ikambi y’abasirikare iri ku Mukoni.

Abasoda n’umupolisi bagirijwe n’umushikirizamanza kuba barafashanije n’abanyagihugu mu busuma,mu gihe abakozi babiri b mu bunwero bagirijwe kuba ataco bafashije mu kuvuga ko hari abagizi ba nabi bari mu bunwero bakoreramwo.

Inyuma yo kwumvirizwa no kwisigura kuvyo bagirizwa, sentare yaciye urubanza mu mirwi ibiri ;umurwi wa mbere ugizwe n’abasirikare,umupolisi n’abanyagihugu bamwe bamwe,baciriwe gupfungwa imyaka 30 n gutanga ihadabu y’imiliyoni zitanu.

Umurwi w’akabiri ugizwe n’abanyagihugu babiri bakora mu bunywero bw’ishirahamwe Croix Rouge baciriwe kuriha ihadabu ry’ibihumbi ijana umwe umwe ,bagapfungwa amezi atandatu mu gihe batoriha iryo hadabu.