Mutanga : Umunyeshure yishwe mu buryo burimwo amakenga menshi

0

Umunyeshure yahora yiga muri Kaminuza y’Uburundi, azwi kw’izina rya Enoce Gapero yishwe agandaguwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi. Urupfu rwiwe rurimwo ibipfungu vyinshi.

Amakuru atangwa n’ababa muri ico kigo avuga ko uwo munyeshure yari atashe mw’ijoro, bikavugwa ko yari yaborewe, ategerwa n’umurwi w’abandi banyeshure bamukubise gushika aho aba indembe. Abaporisi bacunga umutekano wo mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi ku Mutanga bashitse aharyamye uwo munyeshure abamukubise bamaze kugenda, baca bamutwara kwa muganga, ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled.

mju

Abaganga baragerageje kumuvura, ariko kubera yari yasinzikaye, akaba yaciye yitaba Imana. Uwo munyeshure yavuka mu ntara ya Mwaro, akaba yiga mu gisata ca psychologie.

Mu muryango w’uwo munyeshure basaba ko amatohoza yokorwa, kugira abamugandaguye bamenyekane kandi bashengezwe.

Facebook Notice for EU! You need to login to view and post FB Comments!