MUTAKURA: IGIPOLISI kiguma gikora ibidakorwa ” soma ngaha wumve

0

Aho neza na neza ni muri COMMUNE ya MUTAKURA aho igipolisi cazindutse gikora igikorwa cari kimazemwo iminsi, ico naco sikindi nigikorwa co gusaka ibigwanisho bicira umuriro, ariko unomunsi siko vyagenze kuko impangu zibiri twagerageje gushikako igihe bamara gusaka twasanzwe babononeye ibintu bitari bike: imirwango (INZUGI), amadirisha, amapurafo, impuzu zabo nazo twazisanze hanze bamaze kuziturira zitarinkenya, sivyo gusa  ibipfungugwa ntibavyibagiye kuko imiceri canke ibiharage twasanze babimenaguye hasi.

VC

RT

 

Abanyagihugu twashoboye kuyaga batumenyesheje yuko bahageze mugitondo cubucagucagu kwariho batangura gusaka ariko ngo gusaka sivyo vyari vyabazanye ahubwo bari bazanywe nukonona utwabandi.

FG

BN

Barangiza basabako Reta ko yokora ibishoboka kugira ishobore kugarukana indero ikwiye mugipolisi cu Burundi ngo kuko nibintu bimaramaje guhohoterwa nuwarajejwe kugucungerera umutekano.