MUTAKURA: Abantu barenga 26 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye.

0

KUMUTAKURA abantu barenga 26 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye mugitero catanguye kumunsi wagatandatu gushika nokuruyu munsi wambere muriyo COMMUNE ya MUTAKURA haracabonekamwo ibiziga bitari bike.

TeleRjpp_1 TeleRjpp_2 TeleRjpp_4 TeleRjpp_13

Nkuko twayaze nabanyagihugu bongaho Kumutakura bashoboye kutubwira yuko abapolisi batanguye kubarasa igihe cisaha zitano zokumugitondo (11h) niho batangura kubatera amagerenade hamwe nokubarasa ngo abanyagihugu baca barumbubwoba baca binjira mumazu ngo ariko n’ubwo binjiye mumazu ngo abapolisi ntibabaretse kuko baguma babasanga nomumazu yabo bakabasohora hanze bakaca babarasa.

Gushikubu amarira niyo twasanze yuzuye ngaho KUMUTAKURA kuko abanyagihugu nkabose bari mukigandaro bagandarira ababo bagandaguye nabo bapolisi bavanze n’imbonerakure.

Tworangiza tubamenyeshako umukuru w’Igipolisi yashoboye kuvuga kuri Radio na Télévision yigihugu ko abarundi atakiri abarundi ahubwo basigaye barabaye Abayahudi ivyo akaba yabivuze munyuma y’umusore umwe yashoboye kugurura amagerenade abiri aca asimbira mukarwi k’abapolisi barenga c’umi (10) muribo hakaba harapfuye abarenga umunani (8).