Musigati:Umupolisi Yagandaguwe Bunyamaswa N’Abitwaje Ibigwanisho.

0

Muri Commune Musigati mu ntara ya Bubanza mu Burengero bw’Uburundi,muri iri joro ryaraye rikeye hari umupolisi yaraye agandaguwe aciwe izosi n’abagizi ba nabi bataramenyekana.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano muri komine ya Musigati amenyesha ko muri iri joro ryakeye ryo kuwa 26 Ruheshi mu masaha ashira isaha zitandatu z’ijoro, ngo hari umupolisi azwi kw’izina rya Cyprien NGENDAKURIYO yahora acunga ibiro vya posita biri ku murwa mukuru w’iyo komine ya Musigati yaraye agandaguwe aciwe umutwe n’abagizi ba nabi gushika ubu bataramenyekana.Bahejeje kumugandagura bunyamaswa, abo bagizi ba nabi bakaba baciye batungwa nayo bameze maze bagenda batwaye inkoho uwo mupolisi yahora akoresha.

Komiseri w’intara, Emmanuel Damien NIZIGIYIMANA asaba abanyagihugu bose bo muri ako karere karaye karwiriyemwo iryo bara ko bokorana n’abajejwe umutekano maze hashobore kumenyekana abo babisha baraye batse ubuzima uwo mupolisi ndetse n’inkoho bagiye bamwivye iboneke kuko ngo yohava ikoreshwa mu gukora ubundi bugizi bwa nabi butandukanye.

Abarara izamu babiri bahora bakorera kuri iyo posita gushika ubu bakaba babarizwa mu minwe y’inyamiramabi ku mvo y’amatohoza.