Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsMusenyeri Simon Ntamwana yavuze ibintu bikomeye kuri CNDD-FDD

Musenyeri Simon Ntamwana yavuze ibintu bikomeye kuri CNDD-FDD

Mu gikorane categuwe n’umugambwe CNDD-FDD ku bwo gushimira Imana, hajemwo umuntu atari yitezwe ko yokwitavye ico gikorane, nawe si uwundi ni Musenyeri Simon Ntamwana!Uti kubera iki? Ni uko kuva Petero Nkurunziza amenyesheje ko yokwitoreje gutwara uburundi ikindi kiringo muri 2015, uyo mwungere wo mw’ishengero rya katolika yabaye mu ba mbere biyamirije ku mugaragaro iyo ngingo ya Petero Nkurunziza.

Mw’ijambo yashikirije “intama” ziwe I Gitega, Ntamwana yari yamenyesheje ko ‘ari nka hamwe Petero Nkurunziza yokwitoza agasubia gutwara Uburundi, ni nk’aho abarundi boba bagizwe “abaja”’. Ni naho haciye hatangura kuza harakoreshwa ijambo “ Sindumuja”, maze aba abaye nka “Se waba Sindumuja” nk’uko bamwe babivuga.

Abahoze batarabana neza’ baramukanije bafise igishika.

Kwifoto yiriwe irazunguruka ku mbuga ngurukana bumenyi uyu musi, habonetse uyo musenyeri “Sindumuja” ariko aramukanya n’igishika cinshi uwahoze ari “umwansi” wiwe. Bivanye nuko yari yiyemeje kurwanya ikiringo kindi ca Petero Nkurunziza, abatavuga rumwe na Leta bose baciye bashirwa hamwe mu murwi wa ba Sindumuja, gushika yaho Leta ya Nkurunziza itangura kubona ko uyo musenyeri ari” umwansi” .

Bivanye niyo foto yakwiragiye cane ku mbuga ngurukana bumenyi, benshi bashitse ku ciyumviro c’uko Sion Ntamwana yoba atakiri “Sindumuja” nkuko yari yabivuze

Ariko naho biri uko, bamwe bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu barahaserutse maze baramushigikira mu kwiyamiriza ibitutsi vyatukwa uyo mwungere mw’ishengero rya Katolika. Ariko rero nkuko abihweza ibintu n’ibindi babivuga, ntivyari bibereye ko abungere b’amadini bisuka mu vya politike; ariko bamwe nabo bati nyabuna bakwiye kuyobora “intama zabo” muri vyose.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments