Musenyeri Serapiyo Bambonanire yarakwiye kurazwa ishinga n’abarundi batari bake yangaje

0

serapion-0ac29

Musenyeri Serapiyo Bambonanire ngo ntarazwe ishinga n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ahubwo n’arazwe ishinga n’abarundi batari bake bangajwe n’ingingo z’agacamutwe yafashe aho yarakirongoye CNTB. Ivyo vyashikirijwe n’abanyagihugu bamwe bamwe bavuga ko ivyo ashikiriza ari uguhuma amaso abantu ngo bibagire ibibi yakoreye abarundi.

Ivyo bikaba bishikirijwe inyuma y’ikiganiro yahaye abamenyeshamakuru aho yariko amenyesha ko ibijanye n’ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu ataco afise abivugako kuko ari uwihebeye Imana wo muri katorika kandi abasaseredoti baramaze gutanga umurongo w’ibintu uko bizogenda. Ngo arashigikiye ko umukuru w’igihugu atokwitoza ubugira gatatu.

Nawe akaba aciriye hasi inyuma yaho bamubogoreje mu mabanga y’ukurongora CNTB hamwe na bamwe mu bo bakoranye avuga ko bahorwa ukutemera ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi.