Abazokwegukana inzintsi hagati ya CCM hamwe na UKAWA boba batanguye kumenyekana .

0

Mu gihe hasigaye iminsi 3 yonyene gusa kugirango mu gihugu ca Tanzania binjire mu mwanya ukomeye wo gutora umukuru w’igihugu, ubu ibintu bisa nivyakomeye cane kuko bamwe baguma bibaza uwuzokwegukana intsinzi hagati yumugambwe uri kubutegetsi nabo batavuga rumwe.

01-Lowasa+na+magufuli

CCM umugambwe umaze kubutegetsi imyaka irenga 50 kuva igihugu ca Tanzania cikukiye, yatanze umukandinda Dr. John Pombe Joseph Magufuli kugirango awuserukire mumatora, yamara rero bisa naho bitari kumworohera kuko ariko arahiganwa numwe mubanyepolitike bakomeye cane bafise inguvu zidasanzwe mu gihugu ca Tanzania ariwe Edward Lowassa ubu aheruka kuva muri CCM akiyunga na CHADEMA umagambwe utavuga rumwe na nubutegetsi ndetse usanzwe ushigikiwe niyindi migambwe 4 igize UKAWA.

wasa
Edward Lowassa ariko araganira n’abanyagihugu bo muri Tanzania.

Abanyagihugu benshi cane bo muri Tanzania bavuga ko bashaka impinduka kuko ngo CCM yananiwe gushitsa ivyo abo banyagihugu bipfuza , kubwivyo umugambwe utavugarumwe na Leta ” UKAWA ” ukaba ushobora kwegukana itsinzi, ariko rero nubwo biruko umukandinda nawe aserukira CHADEMA ariwe Edward Lowassa , wo nawe afise abamurwanya batari bake kuko bavuga ko ari umuntu arya ibiturire ndetse rwatoshobora kuzana impinduka mugihugu.

Kugeza ubu abo banyepolitike ukwo ari babiri ‘ Dr. John Pombe Joseph Magufuli hamwe na Edward Lowassa , bose bafise abantu benshi babashigikiye kubwivyo ngo kumenya uwuzokwegukana ikibanza c’umukuru wigihugu bikaba bitoroshe kumenya.

lowasa

lowas

lowa

low1
Chadema baba ari abantu benshi cane.

magufil
Dr Pombe magufuli yaserukiye CCM, umugambwe usanzwe uri kubutegetsi.

ccm mag
Abantu bitaba ku bwinshi cane nkuko mubibona.

ARUMIRU