Inyuma y’indwi irangiye umwe mubagize umurwi wa Wanaume TMK yitavye Imana, kumusi w’ejo igenekerezo rya 29/10/2014 umukinyi w’amareresi azwi kw’izina rya Mzee Manento nawe yaraye yitavye Imana.
Muri uku kwezi kwa Gitugutu hamaze gupfa abantu bashika kuri babiri bakorera muvya entertainment basezeye isi ,umwe asanzwe yahora mumurwi wa TMK Wanaume Family , yitwa kw’izina rya YP , uwundi yakina muvy’amareresi yitwa Sherry MWANA , kumusi w’ejo igenekerezo rya 29/11/2014 niho yitaba imana uwundi mukinyi w’amareresi azwi kw’izina rya Mzee MANENTO .
Urupfu rwiwe naho rwatanguye gukiragizwa ahantu hatari gake , ntavyinshi bijanye n’urupfu rwiwe baravuga . Abatari bake bakavuga yuko yishwe n’indwara yari amaze imisi arwaye .
Mzee Manento abantu benshi bazomwibukira kuma movie yakinye harimwo ino yitwa ‘Hero of the Church’, ‘Dar to Lagos yakinanye na Steven Kanumba ‘, ‘Fake Pastor’ hamwe nizindi nyishi. Imana imwakire mu bwami bwayo bwo mwijuru.
Recent Comments