UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Muri RPA urubeya rwaka gusumvya urwatawemwo DANIEL

Abamenyeshamakuru batanu ba RPA bazindutse bugarije inyubakwa ikoreramwo iyo radio aho muri Asiatique mu gisagara ca Bujumbura ku mvo z’uko umuyobozi wa RPA atarabaha ibiganiro basavye kugira bayage ibijanye n’uko bagiye gukorera mu yindi mice y’Uburundi.

Abo bamenyeshamakuru Florine Mukeshimana, Jean Pierre Nsabimana, Raymond Zirampaye yahora arongoye abakozi ba RPA, Sindayigaya Merveille na Emmanuel Ndamwizigiye bamenyesha ko bariko barahohoterwa n’uwuvuga ko yaheruka guhohoterwa, iryo hohoterwa ngo rifatiye mu kubima ibiganiro bari basavye mu ntumbero yo kuyaga n’uburongozi bwa RPA uko bari buje kubaho mu ntara barungitswe gukoreramwo.

Exif_JPEG_420

Gushika uno musi wa gatanu igenekerezo rya 3 ndamukiza uburongozi bwa RPA bukaba butari bwagire ico bubivugako, ariko umurongozi wa RPA akaba yamenyesheje abamenyeshamakuru ko imiryango yuguruye atari ku bijaniro vy’uguhindura ingingo uburongozi bw RPA bwafashe ahubwo kuyaga uko bazobaho ata kibazo bagize iyo barungitswe.

Abo bamenyeshamakuru bari baje bitwaje ivyandiko basaba Samatha Power we ari mu batanguje iyo nsamirizi ko yobumviriza kuko batabona iyari.

Mu makuru ikinyamakuru UBM News gifise avuga ko muri abo bamenyeshamakuru ba RPA hashobora kuba harimwo bamwe bashobora kuba bariko bakoreshwa na bamwe mu batware b’I Bujumbura kugira hugarwe iyo nsamirizi, ivyo ngo bikaba ari bimwe mu vyatumye uburongozi bwa RPA budashima kugira ico buvuze kuri ico kibazo hakiri kare.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments