Muri rango mu gisagara ca Gitega hazindukiye abapolisi benshi

0

Kabiri mu kwezi niyo ncuro Karitiye rango yo mu gisagara ca Gitega yakiriye abapolisi benshi cane baje gusaka ibirwanisho.

Aho hari mw'i jabe aho baja gusaka
Aho hari mw’i jabe aho baja gusaka

Muri karitiye rango mu gisagara ca gitega hasubiriye gusakwa inkoho muri kano gatondo aho bivurwa na bagenzi bacu ko ata nkoho zatoweyo atari amasasu makeya hamwe n’impuzu yo mu mvura y’igisoda yatoweyo.

Iyo karitiye ikaba isubiriye gusakwa ubugira kabiri mu kiringo c’ukwezi nkuko ayo makuru dukesha bagenzi bacu bakorerayo abivuga. Ivyo kandi bikaba bibaye inyuma yaho basakiye mw’ijabe mu gisagara ca Bujumbura naho nyene ntihagire ico bahatora.