UBM News ads
Sunday, December 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Muri CNDD FDD birakaze , Abatware bakomeye bane b’I Bujumbura ntibemerewe kurenga imbibe z’Uburundi

imbonekarimwe

Umukuru w’Inama nshingamateka Piyo nyavyohanyuma, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi RUFYKIRI, Umuhuza w’abarundi Dr. Muhamed Rukara hamwe n’umukuru w’Inama nkenguzamateka Gabriel NTISEZERANA ngo ntibarekuwe kurengana Imbibe z’Uburundi muri kino gihe.

Ivyo bigasigura isiba ry’ingendo abo bategetsi hafi nka bose bagomba bagire mu makungu ku mvo z’akazi ariko amahera bari gukoresha bakayimwa bivuye ku mategeko yatangwa n’ibiro bikuru vy’iperereza bishigikiwe na bamwe mu bashikiranganji harimwo uw’ikigega ca leta.

Imvo y’iryo burabuzwa ngo n’impanuro bahaye umukuru w’igihugu c’Uburundi ubwabo nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru igihe avuga. Ngo ivyo bamushikirije nuko atohirahira ngo asubire kwitoza kuko azoba ahonyanze amategeko, ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano y’i Arusha. Bakaba banamubwiye ko n’icuka atari ciza mu Gihugu.

Inyuma yaho  bakaba baciye babonwa nk’abansi biwe, hakaba haciye hatangura kuronderwa uko ari bubasubirize nkuko bivurwa ko bizohera ku mukuru w’inama nshingamateka Piyo ntavyihanyuma hasubire icegera ca Kabiri c’umukuru w’igihugu.

Ivyo biriko bishika inyuma yaho uwahoze ari umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD akongera agatwara SOCABU Onesime Nduwimana yankiwe kuja mu Bubirigi afatirwa ku kibuga c’indege ca Bujumbura, akongera akabazwa ikiringo c’amasaha abiri yose bongera bamufatira igitabo c’inzira gihabwa abategetsi (Diplomatic Passport).

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments