Muragabe | Abanyamakuru basigaye i Burundi batanguye guterwa ama Grenade

0

Umwe mu bamenyeshamakuru b’abarundi bakiri  I Burundi yaraye ahatswe kugandagurwa atewe Grenade muhira iwabo n’abantu bataramenyekana. Uwo nawe s’uyundi ni Diane Ninahazwe asanzwe akorera ikinyamakuru Bonesha Fm hamwe n’ikinyamakuru c’abanyamerika VOA Afrique.

Ngo hari igihe c’isaha imwe y’ijoro aho yari yicaye muri Salon n’umuryango wiwe, akaba yaciye ikintu giturikira hagati mu rupangu.

Ivyo  bikaba bibaye inyuma yaho agumye atererwa ubwoba n’abantu atamenye ku gahamagazo kiwe(Telephone), bikaba vyakaze aho aviriye gukorera inkuru ku bantu banyuruzwa mu ntara ya Bubanza.