M’umubonano udasanzwe Agathon Rwasa yagiranye na Uhuru Kenyatta, Ngibi hano ibintu bidanzwe bavuganye

0

Mu mubonano udasanzwe nyakubahwa umushingamateka Hon Agathon Rwasa hamwe na Pascal Nyabenda arongoye inama nshingamateka y’uburundi bagiranye n’umukuru w’igihugu ca Kenya, bose ubwabo bavuze ko bashimye kuja hamwe kugirango batorere inyishu ibibazo biri mu Burundi.

rwasa

Kubwa bano banyecubahiro bakomeye cane mu Burundi, bose babwiye Uhuru Kenyatta ko bategerezwa gukora uko bashoboye kwose kugirango igihugu cu Burundi ntikije mu ntambara kuko abarundi bose aho bava bakagera bakeneye amahoro.

agathon

UBM News tubibutse ko Uhuru kenyatta yemeje ko igihugu ciwe kizobandanya gushigikira u Burundi ikindi naco kubwiwe avuga ko yanezerejwe cane no kubona impande zose zashimye kuja hamwe kuko ngo bitanga ubutumwa kwisi yose ko abanyepolitike bo mu Burundi bakeneye amahoro ku gihugu cabo.

kenyatta