Mukike : Abasirikare bagirijwe ko aribo bagandaguye umwe mu bagiye mu myiyerekano

0

Jean Claude Bashirahishize, umwe mu rwaruka rwiyamirije ikiirngo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yishwe arashwe n’abasirikare mu ntara ya Bujumbura bita rural. Abasirikare bo muri ako karere nibo bagirizwa urwo rupfu.

Uwo yagandaguwe yigeze kuba apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’2016, yagirizwa « imigumuko », ariko akaba yahavuye arekurwa.

Amakuru dukura aho muri Mukike avuga ko uwo musore yakuwe mu muduga yarimwo, arasha n’abasirikare. Mu gisirikare c’Uburundi barabibeshuza.

Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko uwo musore yari mu muduga abajejwe umutekano biketse, bamuhagaritse aca ariruka, babona kumurasa.

Colonel BARATUZA avuga ko abo basirikare batari bashatse kumwica, ahubwo ko bashatse bamurase aho boca bamufata kugira agirweko amatohoza ku catumye yiruka.