Mubatera ama Grenade mu Bubare hamenyekanyemwo bamwe bamwe, soma ngaha

0

000_Par8165395_0

Mu gihe hari impari zitari nke Ku Bantu bariko batera ama grenade mu bice birandukanye vy’i Bujumbura, ubu hoho no hagati mu gihugu bikaba vyashitseyo. Ubutegetsi bwa Bujumbura bukagiriza abahamagariye abanyagihugu mu myiyerekano imaze ikiringo kirenga ukwezi n’inusu ko aribo batanze ibirwanisho, abo nabo bakamenyesha ko ari imbonerakure zizitera, mu kirundo haraye hafashwe uwateye grenade Ku musi wa mbere.

Uwo yafashwe yari yateye grenade mu bunywero bw’urwarwa bwo kwa wawa ahitwa kavogero ku murwa mukuru w’ntara ya Kirundo, uwo bakb basanze ari umu police.
Mwibuke ko abatavuga rumwe na leta baguma basaba ko amakungu yotabara uburundi mu kurungika abahinga mpuzamakungu ngo bagende gutabara Uburundi mu gukura ibirwanisho mu banyagihugu.