Mubashikiranganji 20 baraye basizwe muri Reta nshasha ,5 bava kuruhande rwa Agathon RWASA

0

Muri reta nshasha yaraye isizwe kumugaragaro nuwuramutswa igihugu ,Petero Nkurunziza anasanzwe akomoka mumugambwe umaze kubutegetsi imyaka 10 ariwo CNDD FDD ,mubashikiranganji bazoba bari muriyo reta nshasha ,harimwo abari kuruhande rw’umushingamateka RWASA Agathon

abash

Abashikiranganji 5 muri 20 bava kuruhande rwa Agathon Rwasa
Mubashikiranganji bazoba bagize ,reta nshasha izoba irongowe na PETERO NKURUNZIZA ,hazoba harimwo abashikiranganji 5 bava kuruhande rwa AGATHON Rwasa ,abo nabo bakaba bagizwe nabashingantahe 4 ,hamwe numukenyezi umwe .

1:Ministre de la Jeunesse, des Sports et de la Culture : Jean Bosco Hitimana
Umushikiranganji ajejwe ,inkino urwaruka n’imicokama azoba ava kuruhande rwa Rwasa AGATHON ,uwo nawe akazoba ari JEAN BOSCO HITIMANA

2: Ingenieur Ntunzwenimana Jean Bosco :umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibikorwa vya reta (Ministre des Transports, des Travaux Publics et de l’Equipement

3:Ingenieur Serges Ndayiragije: azoba ajejwe ubushikiranganji bw’intwaro ibereye (Ministre á la Présidence chargé de la Bonne Gouvernance et du Plan) nawe azoba ari mubava kuruhande rwa Rwasa Agathon

rwasa

4: M. Félix Mporerimana: (Ministre de la Fonction Publique, du Travail et de l’emploi )nawe nyene azoba ari mubashikiranganji 5 bava kuruhande rwa RwasaAgathon

5:Jeannne d’Arc Kagayo :Umushikiranganji w’iterambere ryamacommune (Ministre du developpement communal),akazoba ari umukenyezi nawe ava kuruhande rw’umushingamateka Rwasa Agathon