Mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Pr. Nkurunziza n’umu Police yahakomerekeye

0

Mu gitondo cokuri uyu wa gatanu Léonidas Hatungimana yahoze avugira umukuru w’igihugu c’Uburundi hamwe na Jean Minani asanzwe arongoye umugambwe Frodebu niho bahamagarira abarundi kuja muri ya Myiyerekano bamenyesha ko batanguye babicishije mu ma radio atandukanye.

Abanyagihugu ntibaretse kwitabira iyo myiyerekeno nkuko vyabonetse, igihe c’isaha zitanu bamwe muri abo barongozi b’iyo migambwe bahavuye bashika kugira bashigikire abanywanyi babo. Abo barongoye iyo migambwe bakaba bari bitwaje ivyandiko bitandukanye.

Abanyagihugu batandukanye harimwo n’abasanzwe bajejwe umutekano wa bamwe muri abo barongoye iyo migambwe barafatwa bagirizwa ko bafise ibirwanisho, abandi nabo bagirizwa ko bariko barahungabanya umutekano.

Abari muri iyo myiyerekano bakaba batagumye bareze amaboko kuko nabo bikoze ku mabuye barayatera abari baje kubabuza kwiyamiriza umukuru w’Igihugu c’Uburundi. Muri kano kanya hakaba hamaze kumenyekana umu Police Umwe yakomeretse mu Mutwe bivuye kuriyo mwiyirekano.

Mwokwibuka ko batigeze bamenyesha imisi iyo myiyerekano izomara iriko iraba, nayo abayitunganije n’imigambwe Itanu itavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abirukanywe mu mugambwe wa CNDD FDD.

Raba Ama foto uko vyagenze ngaho Musi.