UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Mu mwaka 2015, Leta yu Burundi iteganya gukoresha Imiriyaridi 1534,3

Amafranga y’amarundi agera ku miriyaridi 1534,3 ,niyo Reta itegekanya kuzokoresha mu mwaka uza w’ 2015, ivyo bikaba vyavuye mu nama nshikiranganji yabaye ku magenekerezo ya 12 na 13 Munyonyo uno mwaka, mu gihe baharira bongera batora integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka uza.

Reta y’Uburundi isigura ko ayo mafaranga yiyongereyeko bivanye n’uko muri uwo mwaka hazoba hariko hategurwa amatora, ayandi nayo akazoshigikira ibisata bitandukanye bisanzwe vyinjiza uburyo mu kigega ca Reta.

Mw’itangazo yasohoye, Reta y’Uburundi imenyesha ko izokoresha yose hamwe amafaranga agera ku miriyaridi 1534,3 w’amafranga y’amarundi, harimwo n’imfashanyo. Ariko rero bamenyesha ko ayo mafaranga atazokwira kuko kuvyo bategekanya kuyakoresha haburako amafaranga agera ku miriyaridi 114,7 z’amarundi. Ivyo rero bikazotuma basaba ideni yaba mu mahanga canke mu Burundi, kugira bikunde Reta ishobore gufurira ico kinogo.

Reta y’Uburundi ikamenyesha ko izobandanya poritike yo gutubika umukanda. Poritike y’amafaranga izokorwa gukurikirana na cane cane impinduka zimwe zimwe, Reta yiyemeje gukora mu kugira ishobore kuronka uburyo, yongere iyakoreshe na cane cane mu bisata vyinjiza amafaranga. Ni muri iyo ntumbero ikigo gitoza amatagisi OBR ,kizonagerageza uko gishoboye kwose mu kurondera aho amatagisi ava na cane cane mu kurwanya urudandazwa rwa magendu, gukomeza poritike yo kwegeranya ibirarane hamwe no gushobora kuza barakurikirana neza ivyerekeye uturusho.

Tubamenyeshe ko itegeko rigenga amafaranga Reta ikoresha ritegerezwa guca mu nama nshingamateka, hanyuma ryongere rice mu nama nkenguzamateka, mu nyuma rikabonwa kwemezwa n’umukuru w’igihugu.

Sources : Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments