UBM News ads
Sunday, December 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Mu masengesho yo gusengera igihugu, Menya hano ibintu umukuru w’igihugu ( Petero Nkurunziza ) yahavugiye uwo musi

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asaba abarundi gushigikira imigambi itandukanye ya Reta, hamwe no kwitegurira amatora Uburundi bwimirije mu mwaka w’2015. Ivyo yabishikirije mu masengesho yo gusengera igihugu yama atunganywa uko umwaka utashe, ay’uno mwaka akaba yabaye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri.

Abategetsi batandukanye b’igihugu bahuriye hamwe mu gisabisho, uno mwaka kikaba catunganijwe ku civugo “Umunyagihugu akunda igihugu camwibarutse”. Intumbero y’ayo masengesho akaba ari akaryo ko gushimira Imana ku buntu n’imbabazi vyayo, nk’uko vyavuzwe na Piyo Ntavyohanyuma, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi.

Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, mw’ijambo ryiwe, yavuze ko umunyagihugu akunda igihugu camwibarutse aritwararika kubu na kazoza k’igihugu, ategerezwa gushigikira imigambi mikuru mikuru y’igihugu, yaba wa mugambi wo kurwanya ubukene (vision 2025), intwaro ibereye, kurwanya igiturire, umugambi w’igihugu ujanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, imigambi ijanye no kubungabunga amahoro n’umutekano, wa mugambi wo gukunda igihugu n’iyindi.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabandanije asigura ko umuntu akunda igihugu camwibarutse ategerezwa gukora yibaza ku bazovuka muri kazoza. Petero Nkurunziza yahamagariye abarundi kwitaba amatora yo mu mwaka w’2015. Abahiganwa nabo basabwa gutanga imigambi nyayo imeze neza.

Umuvugabutumwa w’umunsi nawe yateye akamo abarundi gukosora aho batiriganye muri kahise, bakabaho ubuzima bw’ubu, bakongera bagategura kazoza bishimikije Yesu Kristo.

Tubamenyeshe ko ayo masengesho yari yitabwe n’abanyacubahiro batandukanye bo mu Burundi, abashitsi bavuye mu Budagi, Amerika, Ubufaransa, Ubuswise, Ethiopie, Afrika y’epfo, Ouganda n’ahandi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments