UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Mu gihe Leta ihari yonanirwa gutorera umuti ibibazo igihugu kirimwo yotanga imihoho-Faustin Ndikumana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye ishirahamwe Parcem Faustin Ndikumana avuga ko mu gihe Leta ihari yonanirwa gutorera umuti ibibazo igihugu kirimwo yotegerezwa gutanga imihoho hakaza Leta nshasha.Ibi abishikirije inyuma yaho hasubiriye kwibonekeza ubukene bw’igitoro mu gihugu nayo kwiyunguruza muri kino bikaba bisigaye ari ikibazo gikomeye.

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem avuga ko Ibiturire vyimonogoje mu nzego zose z’igihugu arivyo biteye isibe mu gihugu bigaterwa nuko Leta yivanga mu bintu vyose hama ingingo zifatwa ntiziheza ngo zije mu ngiro kubera indongozi zamaze gutakaza uburongozi,ba kaboko nabo ntibahanwe ikindi nuko mu gihe Leta ihari yonanirwa gutorera umuti ibibazo bihanze igihugu yotanga imihoho hakaza Leta nshasha.

Uwo arongoye Parcem agira ati:«Igiturire caramaze gushwanyaguza inzego zose z’igihugu,Indongozi zarataje ico bita uburongozi bwo kumva ko bakunda igihugu bariko bakorera igihugu. ibi bintu bimaze kwinjira mu gihugu igihugu ntaho kiba kigihagaze nico gituma rero ingorane zamaze kuba umurengera hakaba hakwiye gufatwa ingingo zikomeye izo nazo ntazindi nuko hashirwaho umugambi uboneka wo kurwanya igiturire mu Burundi no guhasha ba kaboko kugira Leta isubire kwizerwa,ikindi nuko ibanki nkuru y’igihugu isubira mu minwe y’ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta.mu gihe ingorane zamaze kuba nyishi nkuku bica bisaba ko haboneka akanovera gashasha mu burongozi nukuvuga rero bibandanije bimera uku iyo Leta ishobora gutanga imihoho hakaza iyindi.»
Faustin Ndikumana abona ko hari imvugo zikwiye guhinduka abarongoye igihugu ntibame bavuga ko ibintu bimeze neza ahubwo bemere ko hari kibazo.

Faustin Ndikumana arongera ati:« dusubiye kwibutsa Leta n’abarundi ko imvugo yo kwama bavuga ko ibintu vyifashe neza bene iyo mvugo iraheza ikabeshuzwa n’uko ibintu biba vyifashe.ubwa mbere hariho ibipimo vyerekana uko igihugu kiba cifashe.ivyo bipimo 2 ntabindi n’ingene ama devise igihugu gifise mu bubiko angana n’umwanya amara mu gutuma igihugu gishobora kwinjiza ibintu mu gihugu,gushika ubu turacafise ukwezi mbere ni musi y’ukwezi,hamwe n’amezi ya stock y’ibitoro igihugu kiba gifise mu bisanzwe ubu nta n’indwi ya stock y’ibitoro dufise.kuva na kera wasanga stock y’ibitoro ari amezi 6 n’ama devise ari kumezi 6.urumva ko tugeze kuri urwo rugero n’ibintu bibabaje.»

Ikibazo c’ibitoro cabaye akananirabahinga mbere Leta ikaba yaramanitse amaboko nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca mu kuvuga ko ata nyishu abona kw’ibura ry’ibitoro rimaze hafi imyaka 2.ico yashikirije gusa nuko iryo kena ry’igitoro ari inkwirikizi z’ivyabaye muri 2015.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments