Mu Burusiya Habaye Imyiyerekano Ikomeye Yo kwiyamiriza Umushikiranganji wa Mbere.

0
Abiyerekana bariyamiriza na Vladmir Putin, Umukuru w’Uburusiya

Mu Burusiya, igipolisi caho cafashe abakora imyiyerekano amajana ejo ku wa mungu itariki 26/03/2017, harimwo n’umukuru w’abagwanya ubutegetsi Alexei Navalny, inyuma y’aho abantu ibihumbi baharurwa mu 7000 gushika ku bihumbi 8000 bihereje amabarabara bakora imyiyerekano yo kwiyamiriza ukurya igiturire kwiraye mu nzego z’ico gihugu hamwe no kwiyamiriza bongera basaba ko Umushikiranganji wa Mbere w’Uburusiya, Dmitry Medvedev, yotanga imihoho.

Iyo myiyerekano, iyibaye hasigaye umwaka umwe ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu, ayo Vladmir Putin azohiganwamwo arondera ikiringo ca kane, ibaye iya mbere ikomeye inyuma y’iyabaye mu 2011/2012, nkuko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ribimenyesha.

Amajwi ava mu banyagihugu yerekana ko Alexei Navalny, uwurongoye Abagwanya Ubutegetsi bwa Putin, afise amahirwe make yo gukura Vladmir Putin ku butegetsi, uwunezererewe cane nukuba ari rurangiranwa nko mwisi yose.

Ariko Navalny n’abamushigikiye bizeye kuzokoresha abanyagihugu badahimbawe nuko igiturire ciraye mu nzego kugira bongereze amahirwe yo gitsinda amatora.

Abantu bashika 500 000 baragize uruhara mwiyo myiyerekano

Igipolisi ejo caciye gifata Navalny kimushira mu modoka y’igipolisi, hama abiyerekana baca bavugiriza induru rimwe bashaka kwugurura imiryango y’iyo modoka ku nguvu.

Navalny yavuze ati: “Ndahimbawe kubona abantu bitavye iyi myiyerekano bava mu Buseruko bw’igihugu gushika hano I Moscou ku murwa mukuru”.Ivyo akaba yabivuze imbere y’uko ahagarikwa. Ubutegetsi b’uburusiya bukaba bwari bwamenenyesheje ku wa gatanu ko iyo myiyerekano itobaye ikurikije amategeko.

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kkikaba caciye ciyamiriza civuye inyuma ingendo y’igihugu c’Uburusiya mu guhagarika abariko bakora imyiyerekano, kivuga ko iryo hagarikwa ari ukurenga ku mategeko ya Demokrasi.

Umuvugizi wa Departema ya leta ya Amerika, Mark Toner, avuga ati: “Duhamagarira Leta y’Uburusiya kurekura vyihuta abariko bakora imyiyerekano bose mu mahoro”, akongera avuga ko Ubutegetsi bwa Amerika bwahagaritse umutima “ kwifatwa rya Alexei Navalny.