Mu Burundi ngo ntamutekano ukwiye uhari kuko ngw’ abantu baguma bicwa buri musi.

0

Nyuma yaho abatari bake biyamirije ikiringo kigira 3 c’umukuru wigihugu, kugeza ubu ngo ntamutekano ukwiye uhari mu Burundi kuko ngw’ abantu baguma bicwa buri musi.

B protest

Uburundi bwabayemwo imyiyerekano kuva mu kwezi kwa kane, igihe perezida Pierre NKurunziza avugiye ko ashaka gusubira kwitoza gutwara igihugu mu kiringo kigira gatatu, abenshi baravyiyamirije cane aho bamwe ndetse bahisemwo guhunga igihugu cu Burundi batinya ko intambara ishobora kwaduka, mubasigaye ubu bemeza ko umutekano udakwiye, benshi batorwa ibiziga bapfuye , ivyo navyo bikaba ari ivyerekana ko Leta yananiwe kugarukana amahoro n’umutekano ku barundi.

Nubwo ubwo bwicanyi bubandanya kuba, Leta yo buri gihe yama ivuga ko igiye gukora amatohoza kandi ko mu Burundi umutekano ukwiye wose ariko abahinga bakurikiranira hafi ibibera mu Burundi, bemeza ko iyo mvugo ari iyukubesha abantu kuko nguravye abicwa buri musi ngo ni ivyerekana ko atamutekano ukwiye uhari.