Prezida Ndayishimiye yemeza ko hari indongozi zija mu bapfumu ibituma imvura itarwa kare mu gihugu bigatuma abarundi Bose barwa mumporero.
Agira ati:”mbwira ingene imvura yorwa kare hariho aba cadre bapfumura?ntitwababonye?”.

Prezida Ndayishimiye arakebura indongozi zija mu bapfumu kubireka kuko bikwegera abarundi Bose aho usanga bituma n’imvura itarwa kare.
Mu gihe yariko arigisha ijambo ry’Imana mw’ishengero rya methodiste uni mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 19 gitugutu 2025,Prezida Ndayishimiye yashinze intahe uko yagiye ku mupfumu maze asanga bahamagara ico bita abavyeyi.
Kubwa prezida Ndayishimiye,abarundibakwiye kuguma ku Mana gusa ntibahindukirire izindi mana kuko mu ndongozi nyishi zija mu bapfumu ibiheza bigakwegera abarundi Bose.
Yagize ati:”umu cadre aja mu bapfumu,imvura yorwa kare gute?none ntitwababonye?”
Prezida Ndayishimiye avuga ariko ko naho yagiye ku mupfumu atari agiye gupfumura ariko yari agiye kumwaka ivyo bamwivye.





Recent Comments