Mu Burundi habaye ihinduka rikomeye mu nzego za Reta.

0

Mu Burundi habaye ihinduka muri Reta. Alain Nyamitwe yaserukira Uburundi mu muryango w’Ubumwe bwa Afrika Addis Abeba yagenywe kuba umushikiranganji mushasha ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, asubiriye Laurent Kavakure.

peter

Umushikiranganji mushasha w’ukwivuna abansi, Emmanuel Ntahomvukiye asubiriye General Pontien Gaciyubwenge.

Mu gihe c’imyiyerekano, Gaciyubwenge yigeze kuvuga kw’igisirikare kitazogira uruhande gihengamirako kandi yariyamirije kurasa mu banyagihugu.
Umushikiranganji mushasha ajejwe ubudandaji ni Mme Irina Inantore.

Ibi bibaye inyuma yuko habaye igeregezwa ry’ugutembagaza ubutegetsi mu Burundi.

UBM News tubibutse ko Imyiyerekano mu gisagara ca Bujumbura ko yasubiye gutangura, ubudasa bwibonekeje nuko uyu musi abasirikare aribo basubirijwe abapolisi mu gucungera imyiyerekano. Ku musaga abasirikare bahatswe gucanamwo bapfa ko bamwe bashaka kurasa abagira imyiyerekano abandi bagashaka kubakingira.

SRC : VOA